Uko wahagera

Rurangiranwa Pele Ariko Araruhuka Iwe


Pele
Pele

Mu gihugu ca Bresil, Pele yahoze ar’umukinyi w’umupira w’amaguru rurangiranwa kw’isi ariko araruhuka imuhira iwe. Ivyo bitangazwa n’umuvugizi wiwe yiyamirije amakuru avuga ko yajanywe mu bitaro kubera ukunanirwa.

Vyari bitegekanijwe ko Pele, afise imyaka mirongo irindwi n’ibiri mur’iki gihe, aja i Londres mu mpera z’iyi ndwi ku butumire bw’ishirahamwe ry’abanditsi ku mupira w’amaguru.

Pele ni we mukinyi w’umupira w’amaguru wenyene gushika ubu yatsinze ibikombe vy’isi yose bitatu. Yavuye muri ubwo butumire mu kuvuga kw’ariko akwirikiranwa n’abaganga. Yamara umuvugizi wiwe avuga kw’amakuru yuko ari mu bitaro ari ibinyoma.

Pele yarigeze kujanwa mu bitaro mu myaka ya vuba kubera ibibazo vy’amafyigo n’udusaho tw’intanga.

Pele abonwa n’abantu benshi kw’ariwe mukinyi rurangiranwa kurusha abandi bose mu vyerekeye umupira w’amaguru. Yafashije igihugu ciwe ca Brezil gustinda ibikombe vy’ivyisi yose vyo mu myaka y’i 1959, 1962 n’i 1970.

Ishirahamwe FIFA ryamugenye ko ari we mukinyi w’igihangange kurusha abandi wo mur’iki kinjana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG