Uko wahagera

Rurangiranwa muri Ruhago Carlos Alberto Yitavye Imana


Umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru w'umunya Brezil Carlos Alberto yitavye Imana
Umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru w'umunya Brezil Carlos Alberto yitavye Imana

Carlos Alberto, umunyabrezil rurangiranwa kw’isi mu mupira w’amaguru yitavye Imana afise imyaka mirongo irindwi n’ibiri. Yabaye kapiteni w’umurwi nserukiragihugu wa Brezil, mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 1970,

Carlos Alberto, yinjije kimwe mu bitsindo bikomeye cane mu mateka y’igikombe c’isi yose, mu rukino rwa’igice ca nyuma rw’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1970, igihe Brezil yakina n’Ubutaliyano.

Carlos yari umukinyi w’inyuma, ku ruhande rw’iburyo, yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Brezil, incuro mirongo itanu na zitatu. Yaratsindiye ibikombe igihe yakina amu mirwi y’umupira w’amaguru ya Fluminense na Santos, muri Brezil.

Yitavye Imana ahitabywe n’umutima. Umurwi nserukiragihugu wa Brezil, watsinze igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru mu mwaka w’i 1970, warimwo abandi bakinyi rurangiranwa nka Pele, Jairzinho, Tostao na Rivelino, ubwonwa n’abantu benshi ko ariwo murwi werekanye ko ukomeye cane kurusha iyindi mirwi nserukiragihugu yo kw’isi gushika ubu.

Carlos Alberto yinjije ibitsindo umunani mu murwi nserukiragihugu wa Brezil.

XS
SM
MD
LG