Uko wahagera

Umugwi wa ONU Utohoza ku Burundi Wongewe Ikiringo c'Umwaka


I bubamfu, umupfasoni Francoise Hampson ari mu mugwi wa ONU utohoza ku Burundi, i buryo, Doudou Diene atwara uwo mugwi
I bubamfu, umupfasoni Francoise Hampson ari mu mugwi wa ONU utohoza ku Burundi, i buryo, Doudou Diene atwara uwo mugwi

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wongewe ikindi kiringo c’umwaka umwe. Inama nkuru ijewe agateka ka zina muntu ya ONU, mu kongereza ikiringo c'uwo murwi yasiguye ko amezi y’imbere y’amatora n’ayakurikiye ubutegetsi bwa Perezida mushasha yabayemwo ihonyangwa rikabije ry’uburneganzira bwa muntu.

Uwo mugwi ugizwe n’abahinga batatu. Uwuwurongoye Doudou Diene. akimenya ko wongewe ikringo c’umwaka umwe, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amatohoza yabo agiye gushimikira ku "vyaha biriko biraba bibangamira uburneganzira bwa muntu, ubwicanyi, ihohoterwa no kunyuruza abantu batabona ibintu kumwe n’ubutegetsi, ababikora, inguvu bakoresha no kugenzura ko vyoba bihanwa n’amasentare mpuzamakungu. "

Doudou Diene mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika yabandanije asigura ko kubona ONU yongeye ikiringo umugwi aramustwa kandi haheruka no guhinduka ubutegetsi mu Burundi, ari icerekana ko ivyo bakoze vyizewe kandi ataho bahengamiye. Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Senegal, yashimangiye ko bagiye gusubira gusaba ko bokwemererwa gushika ku butaka bw’Uburundi. Ni mu gihe kuva uwo mugwi ushingwa mu mwaka w’2016, abawugize batarahonyoza ikirenge muri ico gihugu bakorako amatohoza.

Mu majambo yiwe yagize ati: "Twabisavye kuva kera ariko ntiturapfa twemerewe kujayo. N’ubu tuzobandanya kubisaba kugira turabeko twokwishikira ku rubuga, tuvugane n’inzego za Reta canke abandi begwa n'ico kibazo c’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Yamara n’aho tutazokwemererwa, twebwe ntibiduca intege turakoresha ubuhinga bwacu tugakora amatohoza. Kandi ibikorwa vyacu birashimwa, raba twongewe n’ikiringo incuro 4 zose kugira twongereze inguvu”.

Mu kwezi guheze, aho uwo mugwi washira ahabona raporo y’awo igira kane, intumwa y’Uburundi Ambassadeur Tabu Renovat aserukira Uburundi i Geneve mu Buswise yawiyamirije yivuye inyuma. Intumwa y’igihugu c’Ubufaransa kuri ivyo, yashikirije ko irajwe ishinga n’uko abagirizwa gukora amabi yatohojwe n’uwo mugwi badahanwa.

Ubutegetsi bushasha butungwa agatoke, uwuburongoye Perezida Evariste Ndayishimiye, asa nk'uwishura ku birego vy' uwo mugwi wa ONU wongewe ikiringo, n’ibihugu biwushigikiye yavuze ko atari bo bakunda Abarundi kurusha ubutegetsi buhari. Ni amajambo yavugiye mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru. Yamara, Doudou Diene atwara uwo mugwi yabwiye nyabuna Ijwi ry’Amerika ko bagiye gushira inguvu mu gukorana n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu ndetse na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kugira ivyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bizotebe bihanwe. Iyi Sentare na yo nyene yaratanguye amatohoza nyezina, haraheze imyaka ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG