Uko wahagera

Ba Prezida Biden na Kenyatta Baganiye ku Muco mu by'Ubutunzi


Prezida wa Amerika Joe Biden na mugenzi we wa Kenya Uhuru Kenyatta
Prezida wa Amerika Joe Biden na mugenzi we wa Kenya Uhuru Kenyatta

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, uno musi ku wa kane arakira mugenzi wiwe wa Kenya Uhuru Kenyatta. Prezida Kenyatta ni we mu prezida wa mbere wo ku mugabane w’Afurika yakiriwe na Biden kuva yaja mu mabanga yo gutwara Amerika.

Ibiro vya Prezida Biden, White House, vyavuze ko mu vyo abo bategetsi babiri bitegekanijwe ko baganira harimwo ibibazo vya demokarasi, uburenganzira bwa kiremwa muntu, umutekano, uguteza imbere ubutunzi no gukingira ibidukikije.

Biden na Kenyatta baraza kandi kurabira hamwe ingene hoba umuco ku butunzi bwaba ububa buri mu gihugu canke mu makungu. Kuri ino ngingo, birashoboka ko Biden na Kenyatta baza kugaruka ku matohoza yiswe "Pandora Papers" aheruka kwerekana ko umuryango wa Kenyatta wanyegeje ubutunzi bufise agaciro k’imiriyoni z’amadorali ibihumbi 30. Nta cemezo sindamusiga cerekana ko ubwo butunzi bwavuye mu gusahura Reta ya Kenya.

Ejo ku wa gatatu, abamanyeshamakuru babajije, Jen Psaki, ajejwe gutanga amakuru muri White House nimba Biden ategekanya kwotsa igitutu Kenyatta kuri dosiye ya Pandora Papers, yishura ko Biden yamye yumvikanisha aho ahagaze ku “busumbane buri mu ruhererekane bw’ubutunzi mpuzamakungu”. Jen Psaki yabandanije asigura ko ibi bitavuze yamara ko Amerika yoreka kugirana imibonano n’impande zitumva kumwe nayo ibintu agira ati: “ Hari vyinshi twunguka dukoranye na Kenya haba mu vyerekeye ibibazo bitandukanye vyo ku mugabane wa Afurika no mu karere ico gihugu kirimwo. Ivyo ni navyo tuzoshimikirako.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG