Uko wahagera

Uganda Iriko Iriga Ingene Kwikingiza Corona Vyoba Itegeko kuri Bose


Umwe mu banyagihugu acandarwa Corona muri Uganda
Umwe mu banyagihugu acandarwa Corona muri Uganda

Abategetsi b'igihugu ca Uganda bariko barondera gushiraho itegeko ribwiriza abanyagihugu gufata incanco z'ukwikingira ikiza ca Covid-19. Ivyo biri mu nteguro y’itegeko rigenewe gutuma abantu batari bake bikingira ico kiza. Integuro y’iryo tegeko ishobora guhindurwa mu gihe iriko yihwezwa n’umurwi ujejwe amagara y’abantu mu nama nshingamateka isaba igihano c’ugupfungwa amezi atandatu ku bantu batubahirije ibisabwa ku bijanye n’ukwicandagisha mu gihe habaye indwara z’ivyaduka.

Alfred Driwale, umutegetsi ayoboye igikorwa c’ukwicandagisha muri Uganda amenyesha ko iki arico gihe c’ugushiraho itegeko nk’iryo. Abategetsi ba Uganda baragerageje mu mezi ya vuba gutuma abanyagihugu bubahiriza ingingo zisaba abanyagihugu kwicandagisha. Yamara ntaco vyashitseko.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Uganda yatangaje mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka ko incanco zirenga 400.000 zatawe inyuma yuko zitaye igihe imbere y’uko zikoreshwa.

Ni ubuhombe bukomeye kuri reta imaze gukoresha incanco imiliyoni 12 n’ibihumbi 700 gusa mu gikorwa c’ugucandaga abanyagihugu. Ifise imigambi y’ugucandaga n’imiburiburi igice c’abanyagihugu bose uko ari imiliyoni 44. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG