Uko wahagera

Uganda: Abarwayi ba Covid-19 Baridogera Amafagitire y'Umurengera


Ibitaro muri Uganda
Ibitaro muri Uganda

Sentare nkuru ya Uganda yategetse reta kugenzura amafagitiri atangwa n’ibitaro kubavuwe COVID-19. Ni inyuma y’imyidogo y’abanyagihugu bavuga ko bacirwa amafaranga y’umurengera. Amakuru ava mu bimenyeshamakuru avuga ko bimwe mu bitaro vy’abikorera utwabo bitanga amafagitire y’umurengera kandi bikanka gutanga ibiziga vy’abishwe na COVID-19 imbere yuko imiryango yabo iriha ayo mafaranga.

Ivyo bimenyeshamakuru vyavuze mu kwezi kwa gatandatu ko imiryango imwe yahisemwo guhebera ababo bapfuye mu bitaro, mu gihe ibitaro vyasohora bamwe mu barwayi kuko ababo bananiwe kuriha amafagitire.

Moses Mulumba, arongoye ishirahamwe ryishinze guharanira amagara meza, uburenganzira bwa muntu hamwe n’iterambere muri Uganda, yaritwariye ivyo bitaro muri sentare i Kampala kw’itariki ya 28 y’ukwezi kwa gatandatu. Sentare yategetse umushikiranganji w’amagara y’abantu, Jane Ruth Aceng, hamwe n’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, gushinga amafaranga arihwa ibitaro mu gukurikirana no kuvura abanduye COVID-19.

Abaganda bakirwa mu bitaro vya reta na bo bidoga bavuga ko badakurikiranwa neza kubera ivyo bitaro bitagira ibikoresho bikwiye. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG