Uko wahagera

Ubutungane bw'Uburundi Bwanse Kurekura Germain Rukuki


Germain Rukuki aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi
Germain Rukuki aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi

Ubutungane bw'Uburundi bwanse kurekura Germain Rukuki, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu. Uyu, yaheruka kugabanirizwa igihano kiva ku gifungo c’imyaka 32 kija ku mwaka umwe vyari bitegekanijwe ko afungurwa ku munsi wa 5 uheze ariko abamwunganira babwiye Ijwi ry'Amerika ko habonetse irindi tegeko ribwira uwutwara ibohero rya Ngozi, amazemwo imyaka 4 afunzwe, kutubahiriza iyo ngingo.

Ku munsi wa gatanu uheze, ni ho intumwa ya sentare nkuru ya Ntahangwa, igisata c’iyungururizo, uwo bita mu gifaransa “Huissier” yaja gushikiriza Germain Rukuki mw’ibohero rikuru rya Ngozi, urupapuro rumumenyesha ko igihano yakatiwe c’umwaka 1 yakirangije. Umwe mu baburanira Germain Rukuki yabwiye Ijwi ry'Amerika ko uwo munsi wari uw'umunezero udasanzwe kuko bobo, co kimwe na bamwe mu muryango wiwe bari bazi ko agira arekurwe atahe.

Uwo munezero wamaze umwanya urume rumara kuko abamuburanira bagiye mu biro vy’uwutwara ibohero rya Ngozi gusaba urupapuro rumuha uburenganzira bwo gusohoka, “Billet d’elargissement”, mu gihe uwu na we yariko yitegura kubaha urwo ruhusha, yaciye abamenyesha ko ahawe itegeko n’ubugenduzi bukuru bw’amabohero “Direction Generale des Affaires Penitentiaire” rimubwira ko yoba arabangiriye gusohora mw’ihohero Rukuki. Abaharanira agateka ka zina muntu kimwe n’abahinga mu vy’amategeko bariyamiriza ico bita ihohoterwa rikabije kuko ku bwabo ubu Rukuki afunzwe binyuranye n’amategeko.

Sentare y’iyungururizo yari yagize umwere Germain Rukuki ku vyaha bitatu: kuja mu midugararo igamije gutembagaza ubutegetsi, guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe no gushaka kugirira nabi umukuru w’igihugu. Yamara uwo mugabo yakorera ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, yagumanye icaha kimwe co kugarariza, ari na co gihanishwa umunyororo w’umwaka 1.

Uko biri kose, iyi ngingo, irashobora gusubirwamwo n’igisata ca gasamburamanza, yamara, Maitre Dieudonne Bashirahishize, na we nyene yanonosoye ivy’amategeko, avuga ko habanza gushirwa mu ngiro ingingo ya mbere igabanya igihano.

Si ubwa mbere haba uwurekurwa n’ubutungane maze akagumizwa mw’iboherero. Aha twokwibutsa, dosiye yavugishije benshi y’umufasoni Chirsta Kaneza afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa urupfu rw’umugambo wiwe. Abanyamategeko basaba ko amategeko yokurikizwa, maze abarekuwe n’ubutungane bose bakarekurwa mu gihugu.

Umviriza ibindi muri iyo nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda.

Kubera Iki Ubutungane bw'Uburundi Bwanse Kurekura Rukuki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG