Uko wahagera

Igipolisi Cahagaritse Germain Rukuki mu Burundi


Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye
Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye

Urwego rw’igihugu rujejwe iperereza mu Burundi, SNR, rwarahagaritse Germain Rukuki aharanira agateka ka muntu. Amakuru yatanzwe n’igipolisi amenyesha kw’urwo rwego rumwagiriza ko yarenze ku mategeko agenga umutekano w’igihugu.

Germain Rukuki amaze igihe akorera amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu yahagaritswe n’abakora mu rwego rw’igihugu rujejwe iperera muri komine Ngagara mu buraruko bw’umurwa mukuru, Bujumbura ejo ku musi wa kane mu gitondo i muhira iwe.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko Rukuki yarenze amategeko agenga umutekano w’igihugu.

Armel Niyongere, yanonosoye ivy’amategeko akongera akaba ayoboye ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohoterwa ry’abantu, ACAT yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, uno musi ku wa gatanu ko yiyamirije ihararikwa rya Germain Rukuki.

Rukuki ajejwe ikigega mw’ishirahamwe, Association des Juristes Catholiques du Burundi, mu mpfunyapfunyo, AJCB, rimwe mu mashirahamwe makeyi agikorera mu Burundi, aho amashirahamwe atari make yatswe uburenganzira bwo kurangura imirimo yayo, canke yahagaritswe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG