Uko wahagera

Burundi: Germain Rukuki Yagabanirijwe Imyaka y'Umunyororo


Germain Rukuki
Germain Rukuki

Ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo kugabanya igihano cari cakatiwe umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, Germain Rukuki. Uyu yari yafashwe arafungwa mu mwaka w’2018, igihano ciwe cavuye ku gifungo c’imyaka 32 gishirwa ku gufungwa umwaka umwe.

Germain Rukuki yakoreye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT Burundi, yari amaze hafi imyaka itatu aciriwe ugupfungwa imyaka 32 ku vyaha vyo "guhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza ubutegetsi"

Igihe yafatwa mu mwaka w’2017, igipolisi cabanje gusaka iwe mu gisagara ca Bujumbura. Mu nyuma, igipolisi cerekanye impapuro casiguye ko ari zo Rukuki yakoresha mu gukorana n’abashatse gutembaza ubutegetsi hamwe n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Ico gihe, abaharanira agateka ka zina muntu bigenga nka bose bari baramaze guhunga igihugu.

Maitre Dieudone Bashirahishize atwara urunani CAVIB, akaba yarakurikiranye cane ino dosiye, iyo ari mu buhungiro yasiguriye Ijwi ry'Amerika ko ugufata Rukuki kari kabaye agashavu k’ubutegetsi kubera kubura abatwara ishiramwe ACAT yakorera .

Ababuranira Germain Rukuki bemeza ko ari ingingo nziza, n’aho kuri bo ije itevye. Gusa birinze kuvuga vyinshi, bemeza ko barindiriye ko bahabwa ikopi y’iyo ngingo. Ico bikoze, bavuga ko bari bashimye kwitura sentare Ntahinyuzwa mu gisata ca gasamburamanza kuko basanze hari amategeko ajanye n'iburanishwa ry'imanza atari yubahirijwe igihe rwacibwa ubwa mbere.

Umushikirizamanza yari yagirije Rukuki ivyaha vyinshi harimwo kuja mu bikorwa vy'ubugumutsi, guhungabanya umutekano no gutuma reta itakaza icizere mu bantu, mu ntumbero yo kuyitembagaza n’ibindi. Ivyo ngo yabicisha mu kubandanya aronka uburyo buvuye mu mahanga bwo gushigikira ibikorwa vy’ubugumutsi.

Ingingo nshasha igabanya igihano ca Rukuki yerekana ko hari agahaze mu vyemezo vy’uko ivyo vyaha vyose vyakozwe. Maze itegeka ko igihano kigabanuka gushika ku mwaka wo gufungwa n’ihadabu y’ibihumbi 50 vy’amarundi.

Maitre Dieudonne Bashirahishize, atangazwa n’ingene ubutungane bugiye kumenya ukuri inyuma y’imyaka 3, akikeka ko igihugu coba kiriko kirikundwakaza ku makungu, ubona ko Ubumwe bwa Bulaya bwatangaza ko bugiye kuraba ko bwokura ibihano vy’ubutunzi ku Burundi kuko, nk’uko uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya yabivuze, umukuru w’igihugu ari mu nzira yo kugarukana icizere.

Abaharanira agateka ka zina muntu basaba ko n’abandi bafungiwe ubusa borekurwa. N’ishirahamwe ACAT-Burundi yakorera rirashima iyi ngingo. Yamara, Armel Niyongere aritwara yabwiye Ijwi rya Amerika ko hataragera kugira ico bavuze kuko n’abo nyene bakirindiriye ko bahabwa ikopi.

Ukurikije uko igitabo mpanavyaha c’Uburundi kivuga, uwuciriwe igihano gito ku co yaramaze afunzwe, acahabwa uburenganzira bwo kurekurwa. Umwe mu bunganira Rukuki yemeje ko atakindi gikurikira atari uko n’uyu mugabo w’abana 3 arekurwa.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, i Kigali, Pierre Claver Niyonkuru.

Abaharanira Agateka ka Zina Muntu Bakiriye Gute ivya Rukuki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG