Uko wahagera

Ubutegetsi Bwahatswe Guhirikwa muri Gabon


Perezida wa Gabon Ali Bongo

Abasirikare bayoboka Perezida wa Gabon Ali Bongo, amaze amezi hafi atatu akitswe n’amagara, mu gatondo k’uno wa mbere baburijemwo ugutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Amakuru ava muri Gabon avuga ko akagwi k’abasirikare bafashe radiyo na televiziyo vy’ico gihugu umwanya muto basaba abanyagihugu kwibohoza bongera bavuga ko baza guhava bashiraho urwego bari bise urwo "Kugarukana demokarasi".

Ku masamu yashizwe ahabona abo basirikare baboneka bariko babwira abanyagihugu bati: “Ntidushobora guheba igihugu, nimba muryamye kanguka mwongere mukangure ababanyi banyu, mwihereze amabarabara tubohore igihugu”.

Abo basirikare babonetse bahamagarira kandi bagenzi babo gufata ibirwanisho bagacungera ibibanza bimwe bimwe birimwo ikibuga c’indege, amazu ya Reta, n’imbibe.

Umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru, akaba ari nawe muvugizi wa Reta, Guy-Bertrand Mapangou, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ko bane mu basirikare batanu bari kw’isonga ry’uwo mugambi bafashwe, mu gihe uwundi umwe akironderwa.

Mapangou yongeye abwira AFP ko abasirikare batari bake barungitswe mu mihingo itandukanye y’umurwa mukuru, Libreville, mu ntumbero yo gukomeza umutekano.

Umumenyeshamakuru wa AFP yatangaje ko n’aho ubutegetsi bwemeje ko imbibe zuguruwe, internet yaciwe mu gihugu.

Abasikrikare bakimara kuvugira kuri televiziyo na radiyo vy’igihugu habaye imyiyerekano y’urwaruka rwavuga ko rukeneye impinduka. Iyo myiyerekano yamara yamaze akanya gato kuko abasirikare baciye babashwiragiza bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi.

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya n’Ubufaransa vyateye ivyatsi uko gushaka guhirika ubutegetsi.

Kuva aho Perezida wa Gabon Ali Bongo w’imyaka 59 agiriye kwivuza mu kwezi kwa cumi mu 2018 muri Arabiya Sawudite, amwe mu mabanga yiwe ariko arangurwa n’umushikiranganji wa mbere afashijwe n’icegera ca mbere.

Umuryango w’abo kwa Bongo uramutswa igihugu kuva mu 1967. Ali Bongo yagiye ku butegetsi mu 2009 asubiriye se wiwe Omar Bongo. Ni ubwa mbere mu mateka ya Gabon haba ugushaka guhirika ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG