Inyuma yuko amaze ukwezi yivuza mu gihugu ca Arabiya Sawudite indwara itatangajwe ku mugaragaro, perezida w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo yashitse mu gihugu ca Maroko aho agiye kumara igihe aruhukira.
Bongo afise imyaka 59 muri iki gihe yagiye kwivuza muri Arabiya Sawudite kuva kw’italiki 24 z’ukwezi kw’icumi.
Inyuma yuko ashitse ku murwa mukuru wa Maroko Rabat, uno musi ku wa kane, Bongo yajanywe mu bitaro vyaho, kuharuhukira.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanira bw’igihugu ca Maroko bwamenyesheje ko Bongo yazanywe muri ico gihugu abisavye hisunzwe inzego z’igihugu ciwe hamwe n’abaganga biwe.
Inyuma y’ikiringo kitari gito c’agacerere, ibiro vya prezida Bongo vyaruhiye kwemera mu ntango z’uku kwezi ko yari arwaye bikomeye. Yamara ibiro vyiwe bitangaza ko ariko aratora mitende.
Ivyo biro bimenyesha ko gutora mitende kwiwe bizofata indwi canke imisi itari mike.
Nta masanamu yashizwe ahabona yerekana Bongo ariko ashika mu gihugu ca Maroko canke kuva ajanywe mu bitaro mu gihugu ca Arabiya Sawudite. Ivyo vyatumye haba impungenge ku vyerekeye amagara yiwe.
Mu kiringo c’ukwezi kurangiye, ibiro vya prezida Bongo vyasohoye amatangazo abiri gusa ku vyerekeye amagara yiwe.
Facebook Forum