Uko wahagera

Ali Bongo wa Gabon Yagiye Ahabona muri Maroko


Iyi foto ya Ali Bongo n'Umwami Mohammed VI yafashwe mu kwezi kwa 12 mu mwaka wa 2011 muri Maroko.
Iyi foto ya Ali Bongo n'Umwami Mohammed VI yafashwe mu kwezi kwa 12 mu mwaka wa 2011 muri Maroko.

Reta y’igihugu ca Gabon yasohoye amasanamu ya videwo yerekana Prezida Ali Bongo Ondimba ariko abonana n’umwami w’igihugu ca Maroko, Mohammed VI. Bwari bubaye ubwa mbere Bongo aseruka ahabona kuva akitswe n’amagara mu kwezi kw’icumi.

Ayo masanamu ya videwo yashizwe ahabona ku muhingamo wo ku musi wa mbere yerekanye abayobozi bombi baganira imbere y’amadendera y’ibihugu vyabo. Prezida Bongo ariko aruhukira mu bitaro vyo ku murwa mukuru wa Maroko, Rabat.

Bongo, afise imyaka 59 muri iki gihe yajanywe mu bitaro mu gihugu ca Arabiya Sawudite kw’italiki 24 z’ukwezi kw’icumi. Reta ya Gabon yatangaje ko yagize ibizunguzungu. Yamara amakuru amwe amwe yatangaje ko yaviriranye mu bwonko.

Prezida Bongo yajanywe mu ndwi iheze mu gihugu ca Maroko kuruhukirayo. Reta y’igihugu ciwe irashimira umwami Mohammed VI kuba yaramwakiye. Ali Bongo ari ku butegetsi muri Gabon kuva mu mwaka w’i 2009.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG