Uko wahagera

Ubushinwa Bugiye Kurungika Intumwa Idasanzwe mw'Ihembe ry'Afurika


Wang Yi, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu
Wang Yi, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu

Ubushinwa bufise umugambi wo kurungika intumwa y’amahoro mu bihugu vyo mw’ihembe ry'Afurika birangwamwo intambara. Ubushinwa bwatangaje uyu musi ku wa kane kw’iyo ntumwa idasanzwe izorungikwa mu ntumbero yo kugerageza gutsimbataza amahoro muri ivyo bihugu.

Bwatangaje kandi ko bugiye gushimikira ku budandaji aho kubandanya bushimikira mu bikorwa vyo kwubaka no gusanura amabarabara muri ivyo bihugu.

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe ubudandaji Wang Yi yatangaje iyo nkuru ari mu gihugu ca Kenya, cafashije cane mu biganiro vyo kwumvikanisha umurwi w’abaharanira ukwikukira kwa Tigreya, Tigray People’s Liberation (TPLF mu mpfunyapfunyo) hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed.

Kuva kera, igihugu c’Ubushinwa cahora gifasha ibihugu vyo muri Afrika mu bijanye n’itermbere n’ubutunzi, nticahora cihataho ibibazo bijanye n’umubano hamwe n’imigenderanire. Yamara Wang ntiyatomoye neza amabanga iyo ntumwa idasanzwe izoba ijejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG