Uko wahagera

Uburusiya Buvuga Ukraine Yasenyuye Ikiraro Gihuza Krimeya na Kherson


Isanamu yerekana ikirari ca Chonhar gihuza intara ya Kherson n'izinga rya Krimeya
Isanamu yerekana ikirari ca Chonhar gihuza intara ya Kherson n'izinga rya Krimeya

Uburusiya buvuga ko ibitero Ukraine yagavye mw'ijoro ry’ejo ku wa gatatu vyasenyuye igitarurwa gihuza intara ya Krimeya n'akarere ka Kherson kari mu buseruko bwa Ukraine.

Igitarurwa Uburusiya buvuga ko casenyuwe na Ukraine kiri kw’ibarabara ingabo z’Uburusiya zikoresha mu kuva mu ntara ya Krimeya zija mu bice bitandukanye vya Ukraine, biri mu minwe y’Uburusiya.

Uburusiya bugenzura intara ya Krimeya kuva bukiyigarurira mu 2014. Ibihugu vyinshi ntivyigeze bishigikira ko Krimeya yegukira Uburusiya.

Hagati aho, umuryango w’ubumwe bwa Buraya ejo ku wa gatatu warafatiye ibindi bihano Uburusiya kubera intambara bubandanya muri Ukraine.

Ibihano vy’ino ncuro vyega abantu 71 n’amashirahamwe 33 yagirizwa kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’abana bo muri Ukraine. Biraba kandi ibihugu bibandanya gufasha Uburusiya mu kuburonsa ibitandukanye.

Kuva intambara y’Uburusiya na Ukraine yaduka, muri rusangi, ubumwe bwa Buraya bumaze gufatira ibihano Uburusiya incuro cumi. Ni ubwa mbere yamara Ubumwe bwa Buraya bufashe ibihano biraba ibihugu bibandanya guha ibidandazwa bitandukanye Uburusiya.

Ku ruhande rw’Amerika, umushikiranganjni ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yasavye Turukiya gushigikira Swede kugira yinjire mw’ishirahamwe ryo kwivunira abansi hamwe, OTAN. Mu vyatumye Swede yipfuza kwinjira muri OTAN, harimwo ivy’intambara y’Uburusiya na Ukraine. (VOA, AP, AFP, REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG