Uko wahagera

Uburundi Bwibutse Imyaka 27 Iheze Melchior Ndadaye Agandaguwe


Ahario icibutso ca Perezida Melchior Ndadaye
Ahario icibutso ca Perezida Melchior Ndadaye

Mu Burundi, kuri uyu wa kane hibukwa imyaka 27 iheze hishwe Prezida Melchior Ndadaye yazanye demokarasi muri ico gihugu. Ibirori vy’ukwibuka Melchior Ndadaye nyamukuru vyabereye ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ari naho yiciwe. Nk’uko yari umukatolika vyabankirijwe n’imisa yasomewe kuri paruwasi Saint Michel hagati na hagati mu gisagara imbere y’ukuja gushira amashurwe ku ntatemwa yiwe n’abagendanyi biwe ziri hafi yaho.

Muri iyo misa, Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa yavuze ko Ndadaye yibukwa nk’umuntu yerekeje ubuzima k’ukurondera ukwitunganya neza kw’igihugu ciwe na bene co. Yashimangiye ko hategerezwa kubakwa Uburundi bw’iteka buzira indyane n’ukwama abantu basubiranamwo.

Musenyeri Banshimiyubusa yibukije ko Ndadaye yari yaratahuye ko demokarasi ari yo ituma abanyagihugu bihitiramwo ababarongora biciye mu matora meza. Niko kuvuga ko ari igihe co kwisuzuma kugira Abarundi bameneye niba iragi ryiwe ryaragendewe.

Umukuru w’ishirahamwe Avod ry’impuvyi n’abapfakazi b’abubahwa bicanywe na Ndadaye yasavye ubutungane n’izindi nzego kwerekana vy’ukuri ico ababo bazize. Melchior Ndadaye yishwe afise imyaka 40 muri 1993 inyuma y’amezi atagera kuri ane ari mu ntebe y’umukuru w’igihugu.

Ni we Muhutu wa mbere yari abaye prezida w’Uburundi kandi yabaye umukuru w’igihugu wa mbere aroye ku butegetsi atowe n’abanyagihugu. Abamubanjirije bose baturuka muri komine imwe ya Rutovu, intara ya Bururi mu bumanuko bw’Uburundi kandi bari abasirikare bakuranye habanje kuba ihirikwa ry’ubutegetsi ariko ata maraso asesetse. Ubwicanyi hagati y’Abatutsi n’Abahutu bwakurikiye urupfu rwa Ndadaye bwahitanye abantu barenga ibihumbi 300 nk’uko ONU yabisiguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG