Uko wahagera

Uburundi Bwatangaje Babiri ba Mbere Banduye COVID19


Thadee Ndikumana umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi

Uburundi kuri uyu wa kabiri bwemeje ko hari abantu babiri banduye umugera wa corona babonetse mu gihugu.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ico gihugu Thaddée Ndikumana yabitangaje mu kiganiro n'abamenyeshamakuru. Abanduye ni abagabo babiri bose b'Abarundi bafise imyaka 42 na 56. Umwe yaje ava mu Rwanda uwundi i Dubaï.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu ntiyavuze igihe aba bagabo binjiriye ku butaka bw’Uburundi naho banyuze mu kwinjira niba ari ku mipaka canke ku kibuga c’indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye. Ico kibuga c'indege cugawe kuva kuwa 22 ukwezi kwa gatatu guheze isaha zitandatu z’ijoro.

Mugabo yamenyesheje ko hari abandi bantu batatu bari baje bava muri Tanzaniya bikekwa bari ku bitaro vyo mu Giteranyi, intara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi basanze ata mugera w’ingwara ya corona banduye.

Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, ubuserukizi bw’umuryango wa Bulaya, ambasade zikukira uwo muryango, abakozi bavyo ubu bari basanzwe bakorera mu mihana yabo, nayo amashure yegukira ibihugu vy’Ubufaransa n’Ububiligi, hamwe n’ikigo ndangakaranga c’abafaransa vyarugaye.

Reta y'Uburundi yari yagabishije ko ishobora guhana abo bose bafata ingingo zihushanye n’izo yamaze gufata canke itarafata mu gihe ambasade y’Abanyamerika nayo yari yagabanirije abakozi amasaha yo gukora bagakora batana imbu co kimwe n'amwe mu mabanki.

Kuri uyu wa kabiri, umuryango mpuzamakungu witaho ubwigenge bwa kiremwa muntu Human Rights Watch wari wasohoye urwandiko usaba abategetsi b’Uburundi guhangana n’ikiza ca corona. Wabasavye guha amakuru afadika anahagije abanyagihugu ku kuntu bocirinda bakanirinda kucanduzanya aho kuguma bavuga ko “Uburundi ari ihanga ryibera ukwa ryonyene ataco bwinona kubera bwashize Imana imbere.”

Mu muryango wa Afrika y’ubuseruko kugeza kuri uyu wa gatatu, igihugu ca Sudani y’Amajepfo nico gisigaye kitaratorwamwo umuntu yanduye umugera wa corona.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza

Uburundi Bwatangaje Babiri ba Mbere Banduye COVID19
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:08 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG