Uko wahagera

HRW Yagiriza Reta y'Uburundi Guhisha Amakuru Ajanye na COVID19


Lewis Mudge umuyobozi wa Human Rights mu karere ka Afrika yo hagati.
Lewis Mudge umuyobozi wa Human Rights mu karere ka Afrika yo hagati.

Umuryango mpuzamahanga uharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, Human Right Watch, ugabisha ko abategetsi b'Uburundi bashobora guta mu kaga abanyagihugu mu kudatanga amakuru ahagije ku bijanye n'umugera wa corona, bagashima kuguma ku murongo w'uko bakingiwe n'Imana.

Uwo muryango unemeza ko abantu bava mu bihugu bimaze kwibonekezamwo uwo mugera baje n'indege n'abinjirana ku mipaka bavuye mu bihugu bibanyi bashirwa mu kato mu mahoteri, amashure n'ibindi bibanza bitarimwo isuku, imfungurwa n'ibindi vya nkenerwa kandi ko hari amashirahamwe yo gutabara yankiwe kubagarukirako.

Human Rights Watch imenyesha ko insiguro zitangwa n’abategetsi b’Uburundi harimwo umuvugizi wa perezida Nkurunziza yashikirje mu misi iheze ko “ Uburundi ari ihanga ryibera ukwa ryonyene” kubera bwashize Imana imbere itari ikwiye kuba icitwazo co kubuza abantu kwerekana amakenga bafise kw’iyandurwa n’ikwiragizwa ry’umugera wa corona.

Mw’itangazo ryawo, uwo muryango mpuzamahanga ufise icicaro i New York muri Amerika usigura ko abategetsi bashize mu kato Abarundi n’abanyamahanga binjiye mu gihugu n’indege canke baciye ku mipaka bashirwa mu mashure, amahoteri n’ibindi bibanza ariko ko indongozi z’igihugu n’igipolisi bananiwe kubaronsa imfungurwa zihagije, ukwitaho amagara yabo n’isuku.

Human Rights Watch yemeza kandi ko n’ubwo mu gihugu hari ibibanza vyinshi abantu begeranirijwemwo, ikizwi n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ari kimwe gusa.

Bamwe mu baciye mu bibanza vyegeranirijwemwo abantu nabo babwiye Human Rights Watch uko aho baciye hari hameze: Umusore yari mw’ihoteri i Kobero mu ntara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko yavuze ko baryamana mu cumba kimwe ari batandatu kandi bagabura amahera yo kwishura icumba ibihumbi cumi ku musi.

Yongeyeko ko hari abantu baryama hanze mugabo nabo babwiwe ko bategerezwa kuriha imbere y'ukumenyesha inyuma y’imisi itatu ko intumwa z’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zaje kubasigurira ko uwutazoriha ashobora kurungikwa mw’ibohero. Ico gihe iyo hoteri yarimwo abarenga 100.

Nayo umukenyezi yaraye ijoro rimwe kw’ishure y’ubuvuzi ryo mu ntara ya Ngozi mu buraruko kuwa 15 uku kwezi nyene yemeje ko abantu bategetswe kuryama hasi canke mu ntebe z’ishure i ruhande y’ukubura ivyo bafungura, amazi yo kunywa no kwituma mu tuzu twa surwumwe ducafuye.

Abategetsi uko bagwa bavuga ni nako bavyuka: Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaganiriye n’Ijwi ry’Amerika mu kiganiro cihariye aho yasiguye ko "Abarundi bakingiwe n'Imana".

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

HRW Yagiriza Reta y'Uburundi Guhisha Amakuru Ajanye na COVID19
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG