Uko wahagera

Uburundi Bwashikirije Kongo Abarwanyi ba Mai Mai


Abasirikare ba Kongo mu Bikorwa vyo Gutuza Mai Mai

Amakuru Ijwi ry'Amerika rikesha inzego zishinzwe umutekano muri Kongo yemeza ko ku mugoroba w'uno wa gatatu, ariho Leta y'Uburundi yashikiriza Leta ya Kongo abarwanyi ba Mai Mai 34 bari bamaze imisi barahungiye mu ntara ya Rumonge mu Burundi.

Mu barwanyi batanzwe, harimwo Major Ekanda Saidi Dragila, icegera ca William Amuri Yakutumba ari kw' isonga rya Mai Mai ishyamyi rirwanira mu mazi.

Inzego zishinzwe umutekano mu karere ka Luvunge aho abo barwanyi 34 bafungiwe, zihamya yuko hari abandi barwanyi babiri basigaye mu Burundi aho bariko bavurirwa mu bitaro byo mu ntara ya Rumonge.

Abarwanyi ba Mai Mai binjiye ku gataka k' Uburundi mu mpera z'indwi iheze inyuma yaho ingabo za Leta ya Kongo zirasiye ibirindiro byizo nyeshyamba byari ku kirwa cy’ubwari.

Intambara zimaze iminsi mu karere ka Fizi hagati ya FARDC na Mai Mai zatumye abarenga ibihumbi indwi bahungira mu gihugu cy’ Uburundi na Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG