Uko wahagera

Ubumwe bwa Afurika Bwahagaritse Mali muri Uwo Muryango


Col. Assimi Goita yatembagaje ubutegetsi
Col. Assimi Goita yatembagaje ubutegetsi

Umuryango w'ubumwe bwa Afrika wahagaritse igihugu ca Mali muri wo inyuma ya coup d'etat yabaye muri ico gihugu. Umuryango w’ubumwe bwa Afrika ugabisha gufatira ibihano ico gihugu hamwe reta irongowe n’abasivile itosubizwaho mw’itangazo washize ahabona ku musi wa kabiri.

Usaba ko reta mfatakibanza isubizwaho bidatevye kandi ata ntambamyi. Atar’uko umenyesha ko utazogonanwa ku vyerekeye gufatira ibihano abayoboye abagize coup d’etat yabaye mu ndwi iheze.

Ibihugu bibanyi vya Mali n’ibihugu bikomakomeye vyo kw’isi bifise impungenge ko coup d’etat iheruka kuba muri Mali ishobora kugeramira ukwiyemeza ku vyerekeye gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa kabiri, ikongera ikageramira urugamba rw’ukurwanya abarwanyi b’abayislamu, bamwe muri bo bafise ibirindiro mu gice c’ ubugararwa kiri mu buraruko bw’igihugu.

Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO ryarahagaritse Mali mu muryango waryo. Ryari ryahagaritse imbere ico gihugu inyuma ya coup d’etat yari yabaye muri ico gihugu mu kwezi kw’umunani mu mwaka urangiye w’i 2020. Yamara wari wasubiye kwakira ico gihugu indwi nkeyi inyuma yuko abategetsi ba reta nshasha mfatakibanza iyobowe n’abasivile batangajwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG