Uko wahagera

Tanzaniya: Ubwoba bw'Uko Interneti Ishobora Gucibwa ejo mu Matora


Abanywanyi b'umugambwe Wazalendo

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya, ACT Wazalendo, uvuga ko igipolisi cishe kirashe abantu 7 imbere y'amatora y'ejo ku musi wa gatatu. Simon Sirro, umukuru w’igipolisi ca Tanzaniya mu kiganiro n'abamenyeshamakuru yahakanye amakuru y'ubwo bwicanyi

Uwo mugambwe wamenyesheje kandi ko igipolisi mw’izinga rya Zanzibar cahagaritse Maalim Seif Sharif Hamad, umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu y’ejo ku musi wa gatatu. Yahagaritswe uno mujsi wa kabiri mu gitondo mu kibanza c’amatora aho yari yagiye gutorera.

Mohammed Hassan Haji, umwe mu betegetsi b’igipolisi muri iryo zinga yemeje ihagarikwa ryiwe. Umugambwe ACT Wazalendo wasavye ko arekurwa bidatevye. Hari abasirikare n’abapolisi benshi mw’izinga rya Zanzibar uno musi ku wa kabiri. Amabarabara atari make muri iryo zinga yari yugaye.

Abanyagihugu baho batangaje ko servisi ya internet yagananijwe. Hari ubwoba ko ishobora guhagarikwa yose ejo ku musi wa gatatu. Amabasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Tanzaniya, Donald J. Wright yatangaje uno musi ku wa kabiri ko atewe impungenge bikomeye n’amakuru avuga ako abantu bariko baricwa abandi bapfungwa mw’izinga rya Zanzibar no mu bindi bice. Asaba inteko zijejwe umutekano kwifata.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres asaba abayobozi b’abanyapolitike bose kwirinda uruhagara n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG