Uko wahagera

Tanzaniya: Tundu Lissu Yagenwe Kuzohangana na Magufuli mu Matora


Tundu Lissu
Tundu Lissu

Umugambwe Chadema utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzaniya kuri uyu wa kabiri wagenye Tundu Lissu ngo azohangane na John Pombe Magufuli mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi uyu mwaka.

Lissu, yacitse kw’icumu arashwe incuro 16 n’abashaka kumugandagura mu mwaka w’i 2017, yahoze ari icegera c’umukuru w’umugambwe Chadema. Yatashe mu gihugu mu kwezi guheze avuye mu Bubiligi aho yari amaze imyaka ibiri yarahungiye.

Lissu anegura Magufuli, ari ku butegetsi kuva mu 2015 kuba yemereye abanyetanzaniya kuzorwanya ibiturire ariko mu nyuma yagirizwa kubangamira ubwigenge bw’abanyagihugu, gutwaza igikenye no guhishira ikiza c’umugera wa corona.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga kandi ko bafise ubwoba ko amatora azoba mu cuka c’iterabwoba n’ukubahohotera. Basaba kandi ishingwa ry’umurwi ujejwe amatora wigenga vy’ukuri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG