Uko wahagera

Tanzaniya: Perezida Magufuli Yizeye Intsinzi mu Matora yo ku wa 3


Prezida w'igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli, yizeye ko imigambi ikomeye y'iterambere yatunganije izotuma abanyagihugu bamutora. Prezida Magufuli yaragiye mu bice bitandukanye vy’igihugu mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu azoba ku musi wa gatatu.

Yarashimagije imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari reta ye yakoresheje ku rugomero rushasha rw’umuyagankuba, ku nzira ya gali ya moshi hamwe n’ugusubira kunagura igisata c’indege zitwara abantu mu gihugu.

Yabwiye abari mw’ikoraniro ryiwe mu buraruko bw’igihugu mu ndwi iheze ko ubuyobozi bwiza butegerezwa gushiraho imigambi iteguye neza. Yatanze ibihahuro vyerekana ukugene amafranga yinjiye mu kigega ca reta yiyongeye hafi incuro zibiri. Avuga ko ivyo vyafashije mu kwubaka inzira ya gali ya moshi n’urugomero rw’umuyagankuba.

Amatora yo ku musi wa gatatu azohitamwo kandi abazoba bagize inama nshingamateka nshasha. Imigambi yiwe yatumye akundwa n’abanyagihugu batari bake. Yamara abari mw’itangazamakuru ryigenga n’abanyapolitike batavuga rumwe nawe bavuga ko batera baturubikwa bikomeye. Reta yiwe irahakana ivyo vyagirizo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG