Uko wahagera

Tanzaniya Ntiyabaye Igitahukana ku Nguvu Impunzi z'Abarundi


Zimwe mu mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya
Zimwe mu mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya

Tanzaniya ntiyabaye igihungura ku nguvu impunzi z’Abarundi kuri uno wa kabiri nkuko yari yarabitangaje mu kwezi kw’umunani.

Kugera ino saha ntaco Reta y’ico gihugu, indogozi z’amakambi canke HCR baravuga kuri rino sango ryasivye.

Mu kiganiro cihariye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Tanzaniya, Felix Mwagara, yagiranye n’Ijwi ry’Amerika kuri terefone yasiguye ko uwo mugambi wo gutahukana impunzi z’Abarundi ku nguvu ataco awuzi ko, ko “Tanzaniya ata munsi wa rimwe irigera igabisha gutahukana Abarundi ku nguvu.”

Kangi Lugola arongoye ubwo bushikiranganji yamara mu kwezi kwa munani yari yaremeje ko baba babishaka canke batabishaka, Abarundi bose babwirizwa gutahukanwa ku nguvu bitarenze rino genekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi.

Naho ata Murundi yatahukanywe ku nguvu kuri uno wa kabiri nkuko vyari bitegekanijwe, mw’ikambi ya Nyarugusu hasohowe itangazo risaba Umurundi wese yifuza gutahuka ku bushake kuja kwiyandikisha.

Muri iryo tangazo abasabwe kwiyandikisha ni abaturuka mu ntara ya Makamba, Ruyigi, Cankuzo, Muyinga, Kirundo, Bujumbura, Rutana na Bururi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG