Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Yarenze ku Masezerano y'Amahoro


Perezida Salva Kiir ariko atera igikumu ku masezerano y'amahoro kuri uno wa Gattau. Uwumuri iruhande ni perezida Omar al-Bashir
Perezida Salva Kiir ariko atera igikumu ku masezerano y'amahoro kuri uno wa Gattau. Uwumuri iruhande ni perezida Omar al-Bashir

Inyuma y’amasaha atandatu amasezerano y’amahoro muri sudani y’ubumanuko atanguye gushirwa mu ngiro, Perezida Salva Kiir n’abamurwanya bagirizanije ko bayarenzeko mu gitero ata numwe aremanga co kuri uno wa gatandatu.

Umuvugizi w’umwe mu mirwi irwanya ubutegesti bwa salva kiir, Lam Paul Gabriel, yegetse ico gitero cagabwe ku kirindiro c’abarwanyi giherereye ku nkengera y’igisagara ca Wau kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sudani ku basirikare ba Reta.

Ateny Wek Ateny avugira Reta ya Sudani y’ubumanuko we yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika “Associated Press”, ko ico gitero cakozwe n’abari ku ruhande rw’abarwanya Reta bagirizanya uburongozi bubi.

Perezida wa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir n’abarwanya ubutegetsi bwiwe bateye igikumu ku masezerano y’amahoro ku munsi wa gatatu, hama aza kuja mu ngiro kuri uno wa gatandatu.

Bimwe muvyo impande zose zemeranije, harimwo ishirwaho rya reta nshasha y’ubumwe izotwara mu kiringo c’imyaka itatu mu kurindira ko hatunganywa amatora arimwo bose, no kuvana mu birindiro abasirikare ba Reta n’abayirwanya.

Intambara yo muri Sudani y’Ubumanuko yadutse mu 2013 imaze guhitana abaharurwa mu bihumbi n’ibihumbi yangaza abagera ku miriyoni zitatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG