Uko wahagera

Sudani Izotanga Indishi y'Akababaro ku Banyamerika Bazize Iterabwoba


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok

Reta zunze ubumwe za Amerika izokura Sudani ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba. Iyo nkuru yatangajwe na Prezida Donald Trump. Ni inyuma yuko Sudani ishize mu bikorwa ivyo yemeye vy’ukuriha abasinzikajwe n’iterabwoba n’imiryango yabo imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari.

Prezida Trump yatangaje ku musi wa mbere ku rubuga Twitter ko ari inkuru nziza, ko reta nshasha ya Sudani iriko iragira intambwe zikomeye kuba yemeye kuriha abanyamerika basinzikajwe n’iterabwoba imiliyoni 335 y’amadolari.

Ayo mafranga Sudani yemeye kuriha agenewe abasinzikajwe n’ibitero vyakozwe n’umurwi al-Qaida ku nyubakwa z’ubuserukizi bwa Amerika mu bihugu vya Kenya na Tanzaniya mu mwaka w’i 1998, no ku gitero ca bombe c’uwo murwi ku bwato bw’ingwano bwa Amerika, USS Cole bwari ku kivuko co mu gihugu ca Yemeni mu mwaka w’i 2000. Amasentare yo muri Amerika yasanze Sudani yaragize uruhara muri ivyo bitero.

Iyo ngingo y’igihugu ca Sudani izotuma gisubira kuronka ingurane n’infashanyo bikenewe kugira bifashe ubutunzi bwaco. Iyo ngingo kandi ishobora gutuma Sudani igirana imigenderanire n’igihugu ca Isirayeli. Ni mu gihe reta ya Prezida Trump iriko irondera gufasha mu ntumbero y’ugutuma ibihugu vy’abarabu vyeremera Isirayeli.

Iramaze gufasha mu gikorwa c’ugushika ku masezerano hagati ya Isirayeli na Emira zunze ubumwe z’Abarabu na Bahrein. Umushikiranbganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok yarashimiye Prezida Trump mu butumwa kuri Twitter ku musi wa mbere. Yamenyesheje ko gushira igihugu ciwe ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba vyakigeramiye bikomeye.

Yongeye avuga ko abanyasudani batigeze bashigikira iterabwoba, kandi ko ingingo ya Amerika yerekana ko ishigikiye bikomeye reta nfatakibanza izoshikana kuri demokrasi mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG