Uko wahagera

Amerika Irashobora Gukura Sudani ku Rutonde rw'Abafasha Iterabwoba


Mike Pompeo umushikiranganji w'imigenderanira mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.
Mike Pompeo umushikiranganji w'imigenderanira mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.

Reta zunze ubumwe za Amerika yashikirije ko ishobora gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba. Reta ya Sudani yashimye ico cipfuzo cashikirijwe n’umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo muri iyi ndwi iheze.

Pompeo yamye avuga ko Amerika yipfuza gukura ico gihugu kuri urwo rutonde, kugira Sudani ishobora kuronka abaja mu gihugu gushinga imitahe. Ariko Amerika ivuga ko ikeneye kubanza guhabwa indishi y’akababaro kuri bombe zatewe mu 1998 kuri ambasade zibiri za Amerika muri Afrika Sudani yagirizwa kugiramwo uruhara.

Omar al Bashir yarahaye indaro uwahoze ari umukuru wa Al-Qaeda, Osama bin Laden kandi Sudani yagirijwe gufasha abagavye ibitero vy’iterabwoba kuri ambasade za Amerika muri Kenya na Tanzaniya, ibitero vyahitanye abantu 224 n’abashika 5 000 bakomeretse.

Reta nshasha ya Sudani yaremeye kuzotanga indishi y’akababaro ariko haracari ukutumvikana, kuko Amerika ishaka ko abanyagihugu bayo bapfuye bahabwa amafaranga menshi kuruta abanyafrika bahaguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG