Uko wahagera

Amerika na Sudani mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, ari mu rugendo mu gihugu ca Sudani, aho yashitse muri ico gihugu uno musi ku wa kabiri.

Pompeo ni we mutegetsi akomeye cane wa Amerika agendeye ico gihugu kuva prezida Omar al-Bashir yatwaza agahotoro akuwe ku butegetsi mu mwaka uheze.

Urugendo rwiwe rugenewe kuganira imigenderanire myiza hagati ya Sudani na Israyeri hamwe n’ukwerekana ko Amerika ishigikiye intwaro mfatakibanza muri ico gihugu izoshikana kuri demokrasi.

Pompeo ni we mushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika wa mbere agendeye Sudani kuva mu mwaka w’i 2005. Vyari bitegekanaijwe ko aganira ivyerekeye gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba.

Yashitse muri Sudani avuye muri Israyeli, aho yari mu rugendo mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi ruzomushikana no muri Reta Ziyunze z’abarabu.

Inyuma yuko abonanye na Pompeo, umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok yamenyesheje ko bagiranye ibiganiro ngirakamaro vyerekeye gukura igihugu ciwe ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye iterabwoba, imigenderanzire hagati y’ibinugu vyabo hamwe n’ugushigikira reta mfatakibanza.

Urwo rugendo rubaye inyuma y’amasezerano y’ukugirana imigenderanire hagati y’ico gihugu na Isirayeli yateweko igikumu kw’italiki 13, mu kwezi kw’umunani k’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG