Uko wahagera

Senegali: Umugambwe uri ku Butegetsi Watsinzwe mu Bisagara Bikomeye


Umwe mu banyagihugu ba Senegali mu Matora
Umwe mu banyagihugu ba Senegali mu Matora

Umugambwe uri ku butegetsi muri Senegal waratsinzwe mu bisagara bikomeye vya Dakar na Ziguinchor mu matora yo mu nzego zo hasi. Amatora yo mu bisagara no mu ntara yabaye ku musi w’Imana muri Senegal. Yabaye mu gihe hari impungenge zitera ziyongera ku bijanye n’uko Sall azorondera kwongereza ikiringo ciwe ku butegetsi inyuma y’uko arangije ibiringo 2.

Ayo matora abonwa nk’igipimo c’amatora y’abashingamateka azoba mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka n’amatora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka w’i 2024. Ni igipimo ku kugene Prezida Macky Sall ashigikiwe n’abanyagihugu.

Prezida Mack Sall, afise imyaka 60 muri iki gihe, yashitse ku butegetsi mu mwaka w’i 2012. Yaratsinze amatora y’ikiringo kigira kabiri mu mwaka w’i 2019. Ntaco aravuga niba azokwitoza canke atazokwitoza mu kiringo kigira ca gatatu hisunzwe referandumu kw’ibwirizwa shingiro yabaye mu mwaka w’i 2016 ashobora gukoresha kugira asubire kwitoza.

Uburyo nk’ubwo bwarakoreshejwe na prezida yakuwe ku butegetsi muri Gineya, Alpha Conde, hamwe n’uwa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara, kugira basubire kwitoza kandi naho habaye imyiyerekano yo kuvyiyamiriza yihaye inkumbi muri ivyo bihugu vyompi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG