Uko wahagera

Senegali mu Matora Afatwa nk'Igipimo c'Abashigikiye Prezida Macky Sall


Umwe mu banyagihugu batoreye ku murwa mukuru wa Senegali, Dakar
Umwe mu banyagihugu batoreye ku murwa mukuru wa Senegali, Dakar

Muri Senegali abanyagihugu bazindukiye mu matora y’abakuru b’ibisagara n’izindi nzego z’ibanze. Ni amatora afatwa n’igipimo c’ingene Prezida Macky Sall ashigikiwe mu gihugu imbere.

Mu bariko bitoreza kuba abakuru b’ibisagara bazwi muri Politike ya Senegali, harimwo Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Abdoulaye Diouf Sarr, ariko yiyamamariza mu mwanya w’umukuru w’umurwa mukuru Dakar n’uwitwa Sonko yari ahanganye na Prezida Sall mu matora yo mu 2019.

Amatora yo kuri uno wa mungu ni yo ya mbere atunganijwe inyuma y’imigumuko yahitanye abatari bake mu biyamirije ifatwa ry’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Ousmane Sonko, yatawe muri yompi mu mwaka uheze. Ni kandi amatora ya mbere abaye kuva Macky Sall yatangura manda yiwe ya kabiri mu 2019.

Bimwe mu vyo Macky Sall anebagurwako, harimwo ivyagiriji vy’ukwivanga mu butungane na cane cane mu manza z’abatavuga rumwe nawe no kuba yipfuza guhindura ibwirizwa nshingiro kugira ashobore kwitoreza manda ya gatatu mu mwaka w’2024. Ubundi ibwirizwa nshingiro rya Senegali rivuga ko ata mu prezida arenza manda zibiri ku butegetsi.

Hagati aho, Prezida Sall naho afise ivyo yagirizwa, arubashwe mu makungu. Abafise ivyo bamwagiriza bakavuga ko icubahiro afise mu bihugu biteye imbere akivana mu “kwikundwakaza no gukorera inyungu z’Ubufaransa bwahoze bukoronije Senegali.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG