Uko wahagera

Reta ya Etiyopiya Ishaka Kwisubiza Umurwa Mukuru w'Intara ya Tigre


Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya yatangaje ko igisirikare cayo gishobora gusubira kwinjira mu ndwi ziri imbere ku murwa mukuru w'intara ya Tigre, Mekelle, wafashwe n'inteko z'abanyatigreya.

Ni ryo tangazo rya mbere rishikirijwe ku mugaragaro na reta ya Etiyopiya kuva umurwa mukuru w’intara ya Tigre, Mekelle ufashwe muri iyi ndwi n’inteko z’umuhari, “Tigray People’s Liberation Front”, TPLF, mu mpfunyapfunyo.

Abanyagihugu ku murwa mukuru, Mekelle, aho uburyo bw’uguhanahana amakuru butakora uno musi ku wa gatatu, batangaje ku musi wa mbere ko abarwanyi b’Abanyatigreya bakiranywe akamwemwe.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, rivuga ko ibintu vyari bimeze nk’uko uno musi ku wa gatatu mu gisagara ca Shire kiri mu buraruko bw’igihugu, aho inteko za Eritreya zari zamaze kuva, inteko z’abanyatigreya zikaba zari zahinjiye.

Igisirikare ca Etiyopiya caragabishije inteko z’Abatrigeya mu kuvuga ko zizokwishura mu buryo bukomeye cane, ko inyishu yo muri iki gihe izoba irengeye iy’imbere yaho.

Ku musi wa mbere, Reta ya Etiyopiya yaratangaje agahengwe ku ruhande rwayo. Yamara umuvugizi w’umuhari TPLF, Getachew Reda, yavuze ko ari inkinamico.

Amenyesha ko ata gahengwe kahari ko bazobandanya gufatira ingingo abansi babo mu ntara ya Amhara no muri Eritreya, kandi ko bazobatuza mu ntara yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG