Uko wahagera

Reta ya Etiyopiya Yatangaje ko Ihagaritse Intambara muri Tigre


Abaforoma bafasha umuntu yakomerekejwe n'igitero c'indege bamushikanye ku bitaro vy'i Ayder i Mekele, mu ntara ya Tigre mu buraruko bwa Etiyopiya. kw'itariki ya 23/06/2021
Abaforoma bafasha umuntu yakomerekejwe n'igitero c'indege bamushikanye ku bitaro vy'i Ayder i Mekele, mu ntara ya Tigre mu buraruko bwa Etiyopiya. kw'itariki ya 23/06/2021

Reta ya Etiyopiya yatangaje ko ihagaritse intambara mu ntara ya Tigre, mw’itangazo yasohoye ukwa yonyene, kandi iyo ngingo ica ishirwa mu ngiro kuva igitangazwa. Ni inyuma y’amezi hafi umunani ako karere gasesekamwo amaraso kandi ibihumbi amajana vy’abanyagihugu basinzikajwe n’inzara itigeze kubaho kw’isi mu myaka icumi irangiye.

Iri tangazo ryaciye ku bimenyeshamakuru vya reta inyuma y’igenwa ry’ubutegetsi bw’imfatakibanza, bwashizweho na reta nkuru, buhungiye umurwa mukuru w’iyo ntara, Mekele, buca busaba ko haba uguhagarika intambara kugira imfashanyo zishikire abazikeneye. Etiyopiya ivuga ko uku guhagarika imirwano kuzorangirana n’igihe co gutera imbuto ku barimyi muri Tigre, kizorangira mu kwezi kw’icenda.

Reta yategetse abategetsi bose ba reta nkuru hamwe n’abo mu ntara kwubahiriza iryo hagarikwa ry’intambara.

Abarwanyi bo mu ntara ya Tigre, abo Etiyopiya yimye ibiganiro, ntaco bashotse bashikiriza kuri iyo ngingo ya reta. Kandi n’igihugu kibanyi Eritreya, ico abasirikare baco bagirijwe ubwicanyi muri iyo ntambara, ntaco cavuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG