Uko wahagera

Reta y'Uburundi Igabisha Abarya Ibiturire n'Abapfunga Inzirakarengane


Gervais Ndirakobuca
Gervais Ndirakobuca

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano aragabisha abakozi bakuru bari mu bushikiranganji arongoye ko agiye kubahana basubiriye kurya ibiturire. Yavuze kandi ko reta igiye gukora ibishoboka kugira impuzi zose zaba izo mu gihugu hagati canke iziri inyuma y’igihugu zitahuke. Yabishikirije mu nama yo kumenyana no gushikiriza ivyaranguwe n'ubushikiranganji butatu bwashizwe hamwe mu mwaka uheze w'2019 ushira uw'2020.

Gervais Ndirakobuca aramutswa muri iyo nama yatanguye gusigura igituma ubushikiranganjii butatu ubw’umutekano iterambere ridakumira hamwe n'ubw’intwaro yo hagati mu gihugu bwashizwe hamwe. Uyo arongoye ubwo bushikiranganji yemeje ko bwose bukorera mu banyagihugu ku neza yabo kandi hibonekeje abinjiriranira mu mabanga ari naco catumye bushirwa hamwe. Uyo mushikiranganji yemeje ko izongorane Umukuru w’igihugu yazitoreye umuti. Ndirakobuca yavuze ko azi ko hariho Abategetsi bari mu bushikiranganji arongoye ata dosiye n'imwe bakora badafumbatishijwe. Uyo mushikiranganji yamenyesheje ko abazobandanya iyongeso yo kurya igiturire bazofungwa hisunzwe amategeko.

Akaba yabasavye kwama bamenya na ntaryo ko ari ikizira kwiturwa n'umunyagihugu ntumutunganirize kandi ari vyo ujejwe. Yagarutse no ku makosa akorwa n'igipolisi c’inyamiramabi. Umushikiranganji w’umutekano intwaro yo hagati mu gihugu n'iterambere ridakumira yagabishije inyamiramabi zipfungira abantu ubusa hatisunzwe amategeko ko azozirukana mu mabanga yazo.

Uyo mushikiranganji yemeza ko reta igiye guhimiriza kugira impunzi zahungiye hagati mu gihugu zisubire ku mitumba zaje zivako. Gervais Ndirakobuca akavuga ko atateka igihugu kigira mu gihe gifise abantu bacitwa impunzi naho yemeza ko hakiri intambanyi ku Barundi bahungiye mu gihugu c’u Rwanda.

Umushikiranganji yanagarutse no ku gipolisi co mw’ibarabara ku bijanye n' igiturire aho yabasavye gutungwa n'agashahara bahabwa na Reta. Ikindi yasavye abari muri ubwo bushikiranganji ni ugushira imbere ineza y’umunyagihugu. Ndirakubuca atunga urutoke abatonda aho bashakiye canke abatonda ku kazi bari mu bindi aho gutunganiriza ababituye abanyagihugu bakamara igihe kirekire barondera uwubatunganiriza bagahebura.

Iyi nkuru y'Ijwi ry'Amerika murayumva mw'ijwi ry'umunyamakuru Desire Hatungimana ari i Kigali mu Rwanda.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG