Uko wahagera

Akarusho ni Akahe muri Reta Nshasha y'Uburundi?


Alain Guillaume Bunyoni ni we Umushikiranganji wa Mbere w'Uburundi
Alain Guillaume Bunyoni ni we Umushikiranganji wa Mbere w'Uburundi

Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 15 mu gihe iyahahora yari igizwe na 21. Igishasha kinini ni uko ubushikiraganji bumwe bumwe bwashizwe hamwe. Nk’akarorero, ubw’umutekano n’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubwo gukurikirana iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC n’ubw’urwaruka, inkino n’imico kama.

Ubwo bwa mbere bwahawe General Gervais Ndirakobuca azwi cane kw’izina rya Ndakugarika. Uwu mugabo yari asanzwe atwara iperereza r’'Uburundi ari ku rutonde rw’abategetsi bafatiwe ibihano na Leta zunze ubumwe z’Amerika n’Umuryango w’ibihugu by’Ubumwe bwa Bulaya. Yikekwa kuba yaragize uruhara mw’itotezwa, ubwicanyi n’ihohoterwa vyakorewe abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu mwaka wa 2015.

Ubushikiranganji bugira kabiri na bwo bweguriwe Ezechiel Nibigira, yahora atwara ubushikiranganji bw’imigenderanire akaba yaranigeze kuba umukuru w’urwaruka rwa CNDD FDD, imbonerakure. Ikindi abapfasoni bagize kimwe ca gatatu, nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

Ibindi kuri iyi nkuru turabishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Nairobi muri Kenya Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:37 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG