Uko wahagera

Polisi ya Zimbabwe Yaburabuje Abanywanyi ba MDC


Polisi ya Zimbabwe isanzaza abanywanyi ba MDC
Polisi ya Zimbabwe isanzaza abanywanyi ba MDC

Polisi ya Zimbabwe yasanzaje ikoresheje ivyuka bikoroza amosozi n'amahiri abantu bari bazindukiye ku murwa mukuru Harare kwumviriza ijambo, Nelson Chamisa, umwe mu banyepolitike bakomeye mu batavuga rumwe na Reta y'ico gihugu.

Vyari bitegekanijwe ko Chamisa ashikiririza ijambo ryiwe ku ngoro y'umugambwe, Movement For Democratic Change, MDC mu mfunyafunyo, polisi ihava izibira amabarabara yose agana kuri iyo ngoro imbere yuko Chamisa ahagera.

Chamisa akomeje guhangana na Reta no kwanka ko yatsinzwe mu matora yashikanye Perezida Emmerson Mnangagwa ku butegetsi.

Perezida Mnangagwa yagirizwa kuba atariko arashira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu yiyamamaza, birimwo kuzamura ubutunzi no guharanira umwidegemvyo kuri bose.

Imyiyerekano itandukanye ikorwa n'amashirahamwe y'abakozi kimwe n'ayaharanira agateka ka zina muntu akatari gake yaraburijwemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG