Uko wahagera

Ugutana mu Mitwe Hagati y’Igipolisi na MDC Muri Zimbabwe


Nelson Chamisa ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, muri Zimbabwe avuga ko abantu indwi bakomeretse, harimwo umwe aremvye bikomeye.

Igipolisi mu gihugu ca Zimbabwe cakoresheje imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta ku murwa mukuru, Harare.

Nelson Chamisa ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, MDC mu mpfunyapfunyo avuga ko abantu indwi bakomeretse, harimwo umwe aremvye bikomeye. Amenyesha ko abantu 80 bahagaritswe. Umugambwe MDC ni wo wari wataguye iyo myiyerekano.

Chamisa yatangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ko batazoruhuka gushika bashitse kuri Reta y’abanyagihugu. Amenyesha ko bazobandanya kugira imyiyerekano.

Ivyo yabitangaje inyuma y’umusi waranzwe n’ugutana mu mitwe hagati y’igipolisi n’abatavuga rumwe na Reta bari mu myiyerekano.

Abari mu myiyerekano amajana n’amajana bakoraniye mu kibanza citiriwe ubumwe bwa Afrika hagati ku murwa mukuru wa Zimbabwe, Harare. Ivyo naho igipolisi cari caziririje imyiyerekano. Iyo ngingo y’igipolisi yari yashigikiwe na Sentare nkuru y’igihugu.

Igipolisi carashe imyuka ibabaza mu maso mu ntumbero y’ukubashwiragiza bahungiye mu mabarabara yo hafi yaho. Cakoresheje inembo mu gukubita abantu batari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG