Uko wahagera

Perezida wa Misiri n'Uwa Jibuti Baraganira ku Mikoreshereze y'Uruzi Nil


Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, ari mu rugendo mu gihugu ca Djibouti gukomeza imigenderanire n'ico gihugu mu gihe c'amatati yerekeye uruzi Nil.

El Sissi yagiranye ibiganiro uno musi ku wa kane na mugenzi we, Ismail Omar Guelleh. Ni mu mugambi w’igihugu ca Misiri w’ukugira urunani kurushiriza n’ibihugu vyo muri Afrika mu gihe amatati n’igihugu ca Etiyopiya yerekeye uruzi Nil, abandanya.

Urugendo rwa Prezida el-Sissi muri Djibouti ni rwo rwa mbere rugizwe n’umukuru w’igihugu ca Misiri kuva Djibouti ironse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1977.

We na mugenzi we, Omar Guelleh, bumvikanye ko urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Nil rwotegerezwa kwuzuzwamwo amazi n’ugukora hisunzwe amasezerano ategerezwa kwubahirizwa yuzuriza impande zose. Bavuga ko ivyo mu vyobandanya kwubahiriza umutekano mu karere n’inyungu z’impande zose.

Abo bategetsi bompi bashimikiye kandi ku vyerekeye gufashanya mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba mu karere ko mw’ihembe rya Afrika no ku bibazo vyerekeye umutekano mu karere k’ikiyaga gitukura, n’ikigobe ca Bab el-Mandeb.

Urugendo rwa Prezida el-Sissi rubaye mu gihe hari icuka kibi gitera ciyongera hagati ya Misiri na Sudani ku ruhande rumwe, no hagati ya Misiri na Etiyopiya ku rundi ruhande, ku rugomero rukomeye rw’umuyagankuba rw’ico gihugu ku ruzi Nil.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG