Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye agabisha gukura abakuru b'amakomine bose biba amafaranga ntibashikane mu kigega ca Reta ayo baba batoje mu matagisi n'amakori yose.
Perezida Ndayishimiye yemeza ko agiye gukora isekeza kugira arabe ko ibitigiri vy'amafaranga yinjizwa n'amakomine vy'ukuri ari vyo. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya Reta rivuga ko iki gikorwa kitoroshe kuko mu matohoza rimaze imyaka irenga 10 rikora ryasanze abanyonora amatungo ya Reta bakorana na bamwe mu bakozi bakurubakuru harimwo n'abari mu biro vy'umukuru w'igihugu.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko amafaranga anyuruzwa n’abakozi ba Reta ahagije kugira igihugu citeze imbere mu kwishiriraho inyubakwa z’iterambere harimwo amabarabara, ibitaro n’ibindi hamwe n’ukuronsa umuyagankuba abanyagihugu.
Afatiye ku biherutse kwemezwa n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati ko mu makomine atatu yonyene ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ku musi umwe hahora hanyuruzwa imiriyoni zirenga 120, Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME asanga amafaranga yagenewe ikigega ca Reta yibwa angana nayo ikoresha ku mwaka ku mwaka.
Ibindi Kurikirana umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum