Uko wahagera

"Abatoza Amatagisi i Bujumbura Banyuruza Imiriyoni 121 ku Ndwi"


Gervais Ndirakobuca rongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gigugu, umutekano n’iterambere ry’ama komine
Gervais Ndirakobuca rongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gigugu, umutekano n’iterambere ry’ama komine

Imiriyoni 121 ni yo mafaranga abatoza amatagisi mu masoko y’igisagara ca Bujumbura bahora banyuruza ku ndwi imwe, amafaranga ashobora gushika imiriyaridi 40 ku mwaka. Bishikirizwa na Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ry’amakomine. Aragabisha abashaka gutungwa n'ivyo batabiriye akuya ko bagiye kubahagurukira bagahanwa hisunzwe amategeko.

Kuva igenekerezo rya kane ukwezi kwa kabiri uno mwaka gushika irya 10 za kuno kwezi nyene, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’intwaro ibereye bufadikanije n’igisagara ca Bujumbura baratunganije isekeza ryo kuraba ingene amatagisi atozwa.

Muri ico gikorwa hakoreshejwe abakozi bashasha. Inyuma y’indwi imwe hatojwe amafaranga imiriyoni 121 arenga kuyatojwe n'abari basanzwe muri ako kazi mu kiringo co kuva igenekerezo rya 18 gushika irya 24 ukwezi kwa mbere uno mwaka. Mu nama n’abajejwe intwaro be n’abajejwe gutora ayo matagisi umushikiranganji Ndirakobuca yabakariye cane ababaza nimba hari uwutahura ubwo budasa kugira amuhe umuco.

Umushikiranganji Ndirakobuca yagabishije abibaza ko bazohava bacika inkokora. Yabamenyesheje ko ata faranga na rimwe rigenewe ikigega ca reta rikwiye guca impande. Mw’ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta OLUCOME barashima igikorwa c’ubwo bushikiranganji. Ariko Gabriel Rufyiri arirongoye asaba ko abo bakoze ubwo busuma bohanwa bikabera akarorero abandi bafise ako kageso.

Ico gikorwa kimaze imisi gikorwa mu gisagara ca Bujumbura, umushikirangaji Ndirakobuca amenyesha ko bagiye kukibandaniriza mu gihugu cose kugira amafaranga ya reta ashike mu kigega ca reta ata na rimwe rivuyemwo. Abazoba intambamyi nabo kubazoba bajejwe ico gikorwa abamenyesha ko amategeko ya reta n’ibihano bijana bitomoye.

Abanyuruza Amatagisi Atozwa mu Masoko i Bujumbura Barabagabishwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG