Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump yatangaje ko abaye arabangira gushikiriza ijambo abaperezida b'Amerika bama bashikiriza uko umwaka utanguye inama nshingamateka, nkenguzamateka n'Abanyamerika muri rusangi.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter Trump yasiguye ko yahisemwo kubanza kurindira ko ibikorwa vya Reta bisubira kwugururwa imbere yuko avuga iryo jambo rizwi kw'izina rya "State of Union."
Trump yanditse ati: “Sindiko ndarondera ikindi kibanza noshikiririzamwo iryo jambo kuko ata kindi kibanza c’iteka n’icubahiro coza kiruta inyubakwa y'inama nshingamateka yamye ivugirwamwo iryo jambo kuva kera."
Ibiro vya Perezida Trump vyari vyatangaje ku wa kabiri w'ino ndwi ko ariko aritegurira kuvugira iryo jambo mu kindi kibanza atari inama nshingamateka.
Hari inyuma y'aho umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi amusavye kurungika iryo jambo biciye mw'ikete canke akaryimurira ku rindi sango, ku mvo z'umutekano n'ibikorwa vya Reta vyahagaze.
Kuri uno wa gatatu Trump yari yongeye kwandikira Pelosi amumenyesha ko isango ryo gushikiriza ijambo ryiwe mu nama nshingamateka rikiri iry'uwa 29 ukwezi kwa mbere. Pelosi nawe amwishura ko atakirahinduka ata ruhusha azomuha rwo kurivugira mu nyubakwa y'ahakorera inama nshingamateka.
Ibikorwa vya Reta ya Trump birubanije iminsi 34 bihagaze, bivuye ku mahera y'uruhome rugabura Mexique n'Amerika, abashingamateka banse guha Perezida Trump.
Facebook Forum