Uko wahagera

USA: Nta Nkeka Trump Azoshikiriza Ijambo "State of Union"


Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo State of Union ku banyamerika
Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo State of Union ku banyamerika

Naho yasabwe n’umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi kuba ararindira gushikiriza ijambo rya buri mwaka ku bashingamateka n’abakenguzamateka, Perezida Donald Trump ari mu myiteguro yo kurishikiriza abicishije kuri televiziyo ku mugoroba wo kuwa kabiri itariki ya 29 z’ukwezi kwa mbere. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru mu biro vya White House, Sarah Sanders.

Hari n’ubundi buryo ategekanya gushikiriza iryo jambo mu kindi kibanza mu gihe ivyo yipfuza bitokunda, nko mu myiyamamazo ya politike, naho nyene azobihabwa n’uko icuka kizoba kimeze kw'ihagarikwa ry’imirimo ya reta, nk'uko abategetsi mu biro vya perezida babivuga.

Madame Nancy Pelosi mu ndwi iheze yahanuye Trump kwegezayo iryo jambo canke arirungikire abashingamateka mu nyandiko. Yashikirije amakenga ku mutekano w’abategetsi bazoba bahari kuko ica kane c’abakoze mu nzego zicungera umutekano bari mu bakozi ba reta kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri batararonswa imishahara.

Ijambo “State of Union” umukuru w'igihugu ashikiriza buri mwaka wamye ari umugenzo aho abakuru ba Reta zunze ubumwe za Amerika bashikiriza abanyamerika n’amakungu ivyo baranguye hamwe n’imigambi ya kazoza ku banyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG