Uko wahagera

Papa Fransisiko Yasubiye Kwinjira Ibitaro, Azobagwa Munda


Papa Fransisiko ariko aramukanya n'abaganga yinjiye ibitaro
Papa Fransisiko ariko aramukanya n'abaganga yinjiye ibitaro

Vatikano yatangaje ko umwungere wa Elkeziya Katorika, Papa Fransisiko, yasubiye kwinjira ibitaro. Vatikano isigura ko abaganga bakwirikirana Papa Fransisiko bafashe ingingo yo kumubaga mu nda mu minsi iheze.

Ibiro vya Papa Fransisiko ntivyigeze bivuga ikibazo Papa afise mu nda. Vyemeje ko azobarwa abanje guterwa imiti imusinziriza umwanya muremure, kandi inyuma yo kubarwa, akazobwirizwa kuguma iminsi itari mike mu bitaro kugira akire neza.

Papa Fransisiko afise imyaka 86. Yarumanije imyaka 10 ari umwungere wa Ekleziya Katorika mu kwezi kwa gatatu kw’uno mwaka. Amagara yiwe amaze igihe agoyagoya.

Mu minsi iheze, yinjiye ibitaro aja kwivuza amahaha babaze. Ihaha rimwe ryiwe barivanyemwo mu 2021. Akenshi mu kwiyunguruza agendera ku gatebe kunguruza abarwayi badashobora gutambuka neza.

Mu mwaka uheze, Papa Fransisiko yaratangaje ko atipfuza kwibagisha ivi ryiwe kubera imiti isinziriza bamuteye bamubaga ihaha yamugizeko ingaruka.

Mu gihe hari abibaza ko azohava atanga imihoho kubera udutege duke amaranye igihe, Papa Fransisiko yivugiye ubwiwe ko adategekanya gufata akaruhuko ko mu za bukuru kuko “akibasha”.

Umwungere wa Ekleziya Katorika agiye kurwarira mu bitaro vyitwa Gemelli biri i Roma. Ivyo bitaro vyagwariyemwo aba papa benshi barimwo Papa Yohani Pawulo wa kabiri yari yabitaziriye Vatikano ya gatatu.

Umuhisi Yohani Pawulo wa kabiri yabivuriwemwo incuro icenda, abiraramwo iminsi 153. Ibinyamakuru vyo mu Butariyano bivuga ko ari ibitaro bitunganije ku buryo bifise aho Papa akorera inama, igikoni, n’agasengero gato. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG