Uko wahagera

ONU Ivuga ko Uburundi Bugihonyanga Agateka ka Zina Muntu


Doudou Diene atwara umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi
Doudou Diene atwara umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi, washize ahabona kuri uyu wa kane raporo yawo ya 5 y’ingene agateka ka zina muntu kifashe. Uwo mugwi werekanye ko mu Burundi hacibonekeza ihonyangwa rikabije ry’agateka ka zina muntu.

Uvuga ko abantu banyuruzwa bakaburirwa irengero, abicwa hamwe n’abahungutse baburabuzwa. Uwo mugwi wegeka ayo mabi kuri bamwe mu bagize inzego za Reta. Yamara, Reta y’Uburundi ibona ko uwo mugwi ukorana n’abatavugarumwe na Reta bacafuza igihugu.

Mu kiganiro uwo mugwi wahaye abamenyeshamakuru uri i Geneve mu Buswise, Doudou Diène atwara uwo mugwi wa ONU yasiguye ko mu mwaka umwe Perezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, bamwe mu bagize inzego ziwe babangamiye abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Uwo mugwi werekanye ko n’abahungutse batarabwa ryiza, co kimwe n’abamenyeshamakuru canke abandi bagerageza kuvuga ibntu bitandukanye n’imvugo ya reta.

Uwo mugwi washizweho na ONU mu mwaka w’2016. Gushika ubu nturemererwa guhonyoza ikirenge muri ico gihugu. Umushakashatsi Francoise Hampson, umwe mu bagize uwo mugwi, yavuze ko ari intambamyi ikomeye kuri bo.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera Tabu Rénovat ahagarariye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakaungu ONU i Genève, ariko ntiyaboneka. Ico bikoze, yaheruka kubwira Ijwi ry'Amerika ko uwo mugwi uhengamye kandi ko ukorana n’abatavuga rumwe na reta.

Atagihundutse, mu mpera z’uku kwezi, Inama nkuru y’umutekano ya ONU, izokorana yongereze ikiringo c’uwo mugwi canke iwuhagarike. Aha, bamwe mu bagize amashirahamwe arenga 50 mu Burundi, asaba ko wohagarikwa. Gusa ayandi na yo nka Human Rights Watch n’ayandi, abona ko uwo mugwi ugifise akazi kenshi ko gukora. Uku ni na ho umugwi wa ONU ubibona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG