Uko wahagera

Ndondeza: Kuva mu 2015 Abarenga 200 Baranyurujwe mu Burundi


Bamwe mu bo ishirahamwe Focode ryemeza ko baburiwe irengero kuva mu 2015
Bamwe mu bo ishirahamwe Focode ryemeza ko baburiwe irengero kuva mu 2015

Buri mwaka igenekerezo rya 30 ukwezi kw’umunani kuva mu mwaka 1983, amakungu arahimbaza umusi wahariwe abantu banyuruzwa bakaburwa irengero. Mw’ijambo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Antonio Guterres yashikirije kuri uno musi wo kwibuka abanyuruzwa bakaburwa irengero ko hari abibazo ko ayo mabi yaheze, abamenyesha ko ari ukwihenda kuko acibonekeza henshi mu bihugu.

Antonio Guterres avuga ko kutamenya iyo incuti, umugenzi canke umuvyeyi yazimanganiye bitera agahinda bene kubura ababo, akavuga ko igishobora gukiza ababuze ababo ari uko abakoze ayo mabi bafatwa bagahanwa. Uwo mutegetsi asaba ama reta gukora ibishoboka vyose ako kabi kagatuzwa.

Mu gihugu c’Uburundi kuva mu 2015 hadutse imvururu zatewe na manda ya gatatu y'umuhisi Prezida Petero Nkurunziza, hari abantu bishwe, abandi baraburwa irengero abandi nabo barahunga igihugu. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike akemeza ko abantu barenga 200 bamaze kunyuruzwa bakagenda amazimayongo kuva muri uwo mwaka w’i 2015.

Murisanga ku Kibazo c'Ababurirwa Irengero mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:59:59 0:00

Ari mu rugendo rwiwe i Kinshasa muri Kongo igenekerezo rya 12 ukwezi kw’indwi uno mwaka, Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye ikinyamakuru c’abafaransa, RFI, ko mu Burundi ata bantu banyuruzwa ko ari ikinyoma. No mu mugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, naho ataco babwiye Ijwi ry'Amerika ku bijanye nuko ibintu vyifashe kuko uwurongoye uwo mugwi Sixte Vingy Nimuraba yasiguye ko yafatiriwe baremeza ko mu Burundi ata bantu banyuruzwa. Biri mu cegeranyo c'uwo mugwi co mu mwaka w’i 2020. Ico cegeranyo cerekana ko muri uwo mwaka hanyurujwe umuntu umwe rudende.

Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi, Ndondeza, w’ishirahamwe FOCODE ntiyemera ibivurwa n’abo bategetsi. Amenyesha ko agiye gushikiriza umukuru w’igihugu urutonde rw’abantu banyurujwe 200 n’umwirondoro wabo kugira amwereke ko batarira busema.

Mu gihe cose habaye intureka mu Burundi hari abantu banyuruzwa ababo bakabura irengero. Abenshi bavurwa ni abo mu mwaka 1972. Ababuze ababo bamenyesha ko ata kintu kibabaza mu buzima nko kubura uwawe ntumushingure.

Ako gahinda ni nako n'ababuze ababo mu mwaka z’i 2015 bafise. Umukenyezi wa Jean Bigirimana, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru, Iwacu, yabuzwe irengero mu mwaka 2016, mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Desire Hatungimana, yasiguye ko igikomere kitigera gikira.

Agahinda k'Umutambukanyi w'Umumenyeshamakuru Bigirimana
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:02 0:00

Mw’ishirahamwe ry’abashingwamanza rijejwe kuburanira abahohotewe mu ma sentare mpuzamakungu, CAVIB, bamenyesha ko bamaze kwitura amasentare mpuzamakungu. Gustave Niyonzima arongoye CAVIB avuga ko bamaze kuyashikiriza ama dosiye 1000 harimwo 200 y’abanyurujwe. Uwo mushingwamanza arizeza imiryango yabuze ababo ko bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona bagatunganirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG