Uko wahagera

Amashirahamwe Arenga 40 Asaba ONU Kugumiza Ijisho ku Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Amashirahamwe mpuzamakungu yigenga arenga 40 harimwo n’ayakorera mu Burundi asaba ONU kugumiza ijisho kuri ico gihugu kuko ku bw’ayo agateka ka zina muntu kasubiye kuja karahungabana cane.

Ayo mashiramwe afatira ku bwicanyi, inyuruzwa ry’abantu n’ihohoterwa bikorerwa cane cane abatavuga rumwe na reta hamwe n’abahanira agateka ka zina muntu. Asaba ONU kwongera ikiringo c’umugwi ukora amatohoza ku Burundi.

Amezi 3 aheze ni yo amashirahamwe yigenga ashimikirako mu kwerekana ko agateka ka zina muntu mu Burundi kabangamiwe bikomeye. Amashirahamwe 43 harimwo mpuzamakungu n’ayakorera mu Burundi yerekana ko kuva mu kwezi kwa 5 hishwe abantu barenga 170, abarenga 100 baranyuruzwa n’ayo abarenga 150 barafungirwa ubusa.

Ayo mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu yahaye urwandiko inama nkuru y’umutekano ya ONU ayisaba ko yogumiza ijisho ku Burundi. Ayo mashirahamwe arimo: "Initiative pour les droits humains au Burundi, IDHB”, Human Rights Watch, Réseau panafricain des défenseurs des droits de l’homme, Amnesty International, Centre mondial pour la responsabilité de protéger, Fédération internationale des droits de l’Homme (FIDH), Geneva for Human Rights, TRIAL International, APRODH, Coalition burundaise pour la Cour pénale internationale CB-CPI, FOCODE, OLUCOME, SOS-Torture/Burundi, Tournons La Page, n’ayandi. Ayo mashiramwe arasemerera yibutsa ONU ko n’ukudahana ivyaha vyabaye ndanse mu gihugu.

Yamara aha, umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, si ko ubibona. Ayo mashiramwe yituye ONU mu gihe, mu ntango z’ukwezi kuza kw’9, bitegekanijwe ko ONU yongereza ikiringo c’umugwi ukora amatohoza muri ico gihugu canke ikawuhagarika burundu.

N’aho hataragera ko atanga raporo imbere ya ONU, uwutwara uwo mwugwi, Umunya-Senegal Doudou Diene na we nyene arahuza n’ayo mashirahamwe ko hakiri vyinshi vyo gukora kugira agateka ka zina muntu kubahirijwe. Uwu mugwi usabirwa n’amashirahamwe yigenga kwongerwa ikiringo washizweho mu mwaka w’2016. Umaze kwongerwa ikiringo incuro zine.

Yamara uriyamirizwa n’Uburundi. Uwuserukira ico gihugu i Geneve mu Buswise aho ukorera, yama yashikirije imbere ya ONU ko ukorana n’abatavuga rumwe na reta yiwe. Gusa Doudou Diene awutwara avyamirira kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG