Uko wahagera

Nijeriya: Abaguye mu Mishamirano y'Aborozi n'Abarimyi Bageze ku 200


Abunamiye ahashinguwe abantu batatu bo mu muryango umwe baguye mu mishamirano hagati y’abarimyi n’aborozi muri Nijeriya mu 2011
Abunamiye ahashinguwe abantu batatu bo mu muryango umwe baguye mu mishamirano hagati y’abarimyi n’aborozi muri Nijeriya mu 2011

Buramatari w’intara ya Plateau iri hagati mu gihugu ca Nijeriya, Simon Lalong, yavuze ko ibitigiri vy'abaguye mu mishamirano yo mu mpera z'indwi iheze hagati y’aborozi b’abayislamu n’abarimyi b’abakiristu kigeze ku 200.

Abategetsi bari batangaje ku wa mbere ko abaguye muri iyo mishamirano yavuye ku mpari z'ubutaka hagati y'aborozi n'abarimyi ari 86.

Ubwicanyi bufatiye ku mpari z'ubutaka bumaze igihe buvugwa muri Nijeriya buza ku murongo umwe n'ubukorwa na Boko Haram mu bwicanyi bumaze guhitana abanyagihugu benshi ba Nijeriya.

Mu gihe perezida Mohammadu Buhari aramutswa Nijeriya ariko arondera gusubira kwitoza mu matora yo mu mwaka uza, ubu bwicanyi bushobora ku mukororera amanota: Imbere y'ugushikira ubutegetsi mu 2015 yari yemereye abanyagihugu ko azotuza ubwo bwicanyi.

Nijeriya yiciyemwo ibice bifatiye ku madini: Abayislamu babeshejweho n'ukworora bagwiriye mu buraruko bw’igihugu mu gihe abakiristu babeshejweho no kurima bagwiriye mu bumanuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG