Uko wahagera

Abashika 86 Barishwe mu Mishamirano muri Nijeriya


Abantu bakoraniye ahari imva z'abantu batatu bahambiwe hamwe, muri reta ya Plateau, itariki 28/12/2011.
Abantu bakoraniye ahari imva z'abantu batatu bahambiwe hamwe, muri reta ya Plateau, itariki 28/12/2011.

Abantu barenga 80 barishwe inyuma y’aho mu mpera z’iyi ndwi mu gihugu ca Nigeria Abayislamu basanzwe ar’aborozi bataniye mu mitwe n’abakristu basanzwe ar’abarimyi.

Amakuru ariko aratangazwa n’igipolisi avuga kw’abantu 86 aribo bahasize ubuzima.

Ingwano isigaye iri hagati y’abo borozi hamwe n’abo barimyi, ngo niyo ngwano irimwo ubwicanyi bwinshi buruta ubwicanyi bwakozwe n’umurwi w’intagondwa Boko Haram.

Amasanamu ya video ariko arashirwa ahabona, arerekana abantu bafise imipanga n’ibihiri, bagenda baraha akaruru abajejwe umutekano, bariko bagenduza imodoka ziriko zirasha.

Prezida Muhammadu Buhari yagabishije abanyagihugu ababwira ko kizira gukora ibitero vyo kwihorana mur’iki gihe abasirikare hamwe n’abapolisi bariko baragerageza guhagarika iyo ngwano, yongera avuga ko reta ya Nigeria itazoruhuka, idakubise intahe mu gahanga abantu bafise uruhara mur’ivyo bitero.

Iyo ngwano iherutse kwaduka irabangamiye umutekano mu gihugu ca Nigeria kirimwo abanyagihugu bashaka kungana hagati y’abayislamu baba mu buraruko bw’igihugu hamwe n’abakristu baba mu bumanuko.

Ibitero vy’umurwi Boko Haram ubandanya gutera mu buraruko bushira ubuseruko, ngo nivyo bishobora kuba bituma uruhagarara rwiyongera mur’iki gihe aborozi bategerezwa guhungira mu ntara yo mu bumanuko igwiriyemwo abarimyi, barondera umutekano hamwe n’ubwatsi bw’inka.

Ivyo bibazo vy’umutekano ubandanya gutosekara mu gihugu ca Nigeria biraraje ishinga Prezida Buhari; umuyislamu yigeze kuba umusirikare kandi yatowe n’abanyagihugu mu mwaka 2015, cane cane mur’iki gihe amatora yitezwe mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG