Uko wahagera

Nijeriya: Ubwicanyi Hagati y'Abarimyi n’Aborozi Bwahitanye Abantu 45


Abantu bashika kuri 45 barishwe ku musi wa gatandatu mw’itana mu mitwe hagati y’abasuma bitwaje ibigwanisho n’abanyagihugu bo mu karere k’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Abo basuma bateye abanyagihugu bo mu kigwati ca Gwaska mu buraruko bw’intara ya Kaduna. Umwe mu bagize umugwi w’abanyagihugu barara irondo muri ako gace avuga kw’abo basuma barashe umuntu wese harimwo n’abana, bongera basenyagura amazu y’abantu kugeza aho imigwi irara irondo inanirwa kubivuna. Uwo munyagihugu yabibonye avuga kw’abo basuma baje bava hakurya mu kigwati ca Zamfara.

Ico gitero cabaye ku musi wa gatandatu, ni kimwe mu bitero vy’ubusuma bw’ibitungwa, hamwe n’inyuruzwa ry’abantu biterwa n’icuka kibi kiri hagati y’abanyagihugu bo mu bwoko bw’abungere n’abarimyi.

Ico gihugu kiri mu burengero bw'Afrika kirahanzwe n’ibibazo vy’umutekano muke harimwo n’ibiterwa n’abarwanyi ba Boko Haram n’iyindi mihari yo mw’idini rya Kiyisilamu ikorera mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG