Uko wahagera

Myanmar Yarekuye Umumenyeshamakuru Danny w'Umunyamerika


Reta ya Amerika yakiye neza irekurwa ry'umumenyeshamakuru w'umunyamerika, Danny Fenster yari apfungiwe muri Myanmar. Vyatangajwe uno musi ku wa mbere n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken. Amenyesha ko yari apfungiwe ubusa muri Myanmar. Amenyesha ko Fenster azosubira kubonana n’umuryango wiwe vuba mu gihe babandanya gusaba irekurwa ry’abandi bapfungiwe ubusa muri ico gihugu.

Danny Fenster yaheruka gucirwa igihano c’imyaka 11 y’ibikorwa biruhije inyuma yuko amaze hafi y’amezi atandatu mu munyororo. Fenster, yari umwanditsi mukuru w’ikinyakamuru gikorera kuri internet, Frontier Mynmar, yari yagiwe ku musi wa gatanu w’indwi irangiye n’icaha c’ugukwiragiza amakuru y’ibinyoma kandi aturira, hamwe n’ukuba yavuganye n’amashirahamwe atemewe n’amategeko n’ukuba yarenze ku mategeko agenga impapuro z’inzira bita visa.

Ni we mumenyeshamakuru yari aronse igihano gikomeye cane mu bamenyeshamakuru 7 bazwi ko bagiwe n’ivyaha kuva igisirikare gikuyeho reta yari yatowe n’abanyagihugu ya Aung San Suu Kyi mu kwezi kwa kabiri.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abamenyeshamakuru, abakuru b’ibimenyeshamakuru canke abasohora ibinyamakuru batari musi y’i 126 batawe mu mvuto kuva abasirikare bafashe ubutegtsi muri Myanmar. 47 muribo baracapfunzwe, naho benshi muri bo bataragirizwa ivyaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG