Uko wahagera

Messi Yasezeye Barcelona mu Marira Avuga ko Atari Yiteguye Kugenda


Lionel Messi ariko ararira mu Birori vyo Kumusezera
Lionel Messi ariko ararira mu Birori vyo Kumusezera

Umukinyi w’icamamare mu mupira w’amaguru, Lionel Messi, uno munsi ku wa Mungu ikipe yiwe ya Barcelona yamusezeye. N’ibigumbagumba vyinshi, Messi yatanguye kurira imbere yo gufata ijambo ryo gusezera bagenzi biwe. Amaze kurifata yagize ati: “Birangoye cane gose kubasezera inyuma y’imyaka myinshi twari tumaranye. Sinari niteguye kuvana namwe inyuma yo kubana hafi ubuzima bwanje bwose.”

Lionel Messi ukuvavanura na Barcelona yakwise “Ibihe bigoye gusumba ibindi vyose atigeze amenya mu mwuga.” Ibirori vyo kumusezera vyari vyitabiriwe n’umuryango wiwe, na bamwe mu bakinyi bagenzi biwe. Messi yirinze kugira ico avuga kuri kazoza kiwe mu mupira w’amaguru, avuga ko yaronse amakipe atandukanye amusaba gukorana nawe.

Ku wa kane ni ho ikipe ya Barcelona yatangaza ko itagishoboye kugumana na Messi ari mu bakinyi bayo bakomeye. Barcelona yasiguye ko bigoye ko haba amasezerano (Contract) ashimisha bose bivuye ku mishahara yagabanutse kubera amadeni iyo ikipe ifise. Prezida wa Barcelona FC, Joan Laporta, aha agasigura ko igihengeri c’ubutunzi kiri muri ikipe yiwe catewe n’ikiza ca Virusi ya Corona hamwe n’intwaro y’uwamubanjirije, Josep Bartomeu.

Messi yari yarasavye gukinjura mu mpera zo mu 2019, ariko Bartomeau yatwara ikipe ico gihe aramwankira, gutyo yemera kugumamwo inyuma yo gusinya ayandi masezerano y’akazi atigeze yubahirizwa kubera ibibazo vy’uburyo bivugwa muri iyo ikipe.

Lionel Messi avanye akarenge muri Barcelona FC inyuma y’imyaka hafi 20 yari amaze ayikinira. Iyo ikipe yari yamuzanye akiri umuyabaga w’imyaka 17 imuvanye muri Argentine iyo akomoka. Yatumye umurwi wiwe utsinda ku ncuro zine amahiganwa ya Champions League n’ayandi mahiganwa akomakomeye. Akinjuye akiri ku murongo wa mbere w’abinjije ibitero vyinshi muri Barcelona: Muri rusangi mu mikino 778 yakinye, yinjije ibitsindo 672.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG