Uko wahagera

Messi ni Umukinnyi w'Imena muri 2015


Lionel Messi ari hagati ya Cristiano Ronaldo na Neymar
Lionel Messi ari hagati ya Cristiano Ronaldo na Neymar

Umukinyi w’umupira w’amaguru Lionel Messi akinira umurwi wa Barcelona FC wo muri Espagne niwe yatahukanye ejo kuwa mbere umupira w’inzahabu w’umwaka w’2015.

Aka gashimwe gatangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA gaciye gatuma aba umukinyi rurangiranwa mu bagabo bakina umupira w’amaguru kw’isi.

Kuruhande rw’abagore Carli Lloyd asanzwe ari kapiteni w’umurwi w’umupira w’amaguru w’abagore wa Reta zunzubumwe za Amerika niwe yatahukanye umupira w’inzahabu w’uyu mwaka urangiye w’2015.

Lionel Messi yari yigeze gutahukana ako gashimwe incuro zine zikurikirana kuva mu mwaka w’2009 gushika mu mwaka w’2012.

Cristiano Ronaldo akinira umurwi wa Real Madrid yaje ku mwanya wa kabiri, naho Neymar wo muri Bresli, asanzwe akina mu murwi umwe na Messi, yatahukanye ikibanza ca gatatu.

Ivyo birori vyabaye ejo kuwa mbere mu gisagara ca Zurich mu Busuwisi hasanzwe hari icicaro ca FIFA

XS
SM
MD
LG